View Site in Français | English

View Site in Français | English

Ruyigi: umutamakazi yarakubaguwe

Joselyne Nsabimana, umutamakazi w’imyaka 60, aturuka ku mutumba wa Kinama, komine Gisuru, intara ya Ruyigi (ubuseruko bw’Uburundi) yaraye akubiswe, arahohoterwa bidasanzwe n’Imbonerakure (abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD). Ivyo vyabaye kuri uwu wa 27 ntwarante 2022, ku muhingamo nk’isaha cumi.Uwo mutamakazi Joselyne yari atashe avuye mu mirima asanga yategerewe n’izo Mbonerakure zibiri: IKORIKWIGOMBWA Clément, n’iyindi izwi cane kw’izina rya GITENGE (yahoze ari umudereva wa komine Gisuru) bamukubita ahabishe aharyoshe, bamugira intere, gushika n’aho bamuhongora amenyo, bamuhora ngo ni uko afise umugabo ari mu mugambwe #CNL (utavuga rumwe n’ubutegetsi) kandi yanse kuwuvamwo.Uwo mutamakazi inyuma yo gukubagurwa yaciye atabarizwa atwarwa ku bitaro. Aho arwariye mu Gisuru ni indembe cane nk’uko vyabonetse ku masanamu twaronse.