View Site in Français | English

View Site in Français | English

Bujumbura: abahoze bakorera ishirahamwe Total Cleaning Service baridoga

Iryo shirahamwe ryahoze rifitaniye amasezerano n’ihinguriro BRARUDI, ishirahamwe rudende rudende rihingura ibonyobwaIshirahamwe Total Cleaning Services ryatanguye gukora igenekerezo rya 12 nyakanga 2016 rikaba ryarimwo imirwi ibiri y’abakozi bose barenga amajana ane. 1. Nettoyeurs: aba baba bajejwe gukora isuku mu kigo ca BRARUDI no hanze mu bibanza amakamyo ya BRARUDI ahagararamwo 2. Menutensionnels: Nabo baba bajejwe gukurikirana amacupa n’inzoga biba biriko biraca kuri chaîneInyuma rero y’uko iryo shirahamwe TCS bahora bakorera rihagarikiye amasezerano n’ihinguriro BRARUDI, abo bakozi bavuga ko uwahoze ari umukoresha wabo atigeze abatunganiriza mu bintu vyinshi bigengwa n’amategeko y’akazi, bari bateyeko umukono. Abo bahoze bakora muri TCS bidogera RUPARI Patrick yahoze arongoye TCS ko kuva abakoresha yari yagumye ababwira ko abaziganiriza mu kigega c’intega kazoza ku bakozi INSS ariko mu nyuma bagasanga yarababeshe kuko iyo bagiye kubaza ng’aho muri INSS babwirwa ko batazwi.Abo bakozi bavuga kandi ko imbere y’uko uwo mukoresha wabo ahagarika amasezerano na BRARUDI, hari imisi bakoze batarigera bahemberwa.Gushika ubu baramurondera kugira abahe ivyemezo ko bakoreye ishirahamwe ryiwe (attestation de service rendu) ariko ntibiborohere.Gushika ubu basaba ko :1. Umukoresha wabo abatekerera2. Bahabwa amafaranga y’akaruhuko y’amezi ane, kuva 2019 gushika 20223. Bahabwa amafaranga y’imisi itandatu bakoze irenga ku misi bari basanzwe bakora.4. Guhabwa amafranga bategerezwa kuziganirizwa muri INSS kuva mumwaka wa 20165. Impapuro zerekana ko bakoreye TCS ari zo Attestations de service rendu.Abo bakozi bidoga bavuga ko kuri ivyo bibazo vyose, bagumye bagerageza kurondera RUPARI Patrick nawe akaguma abaha amasango adashika bikabonekako ariko ababesha.Mu makenga menshi, bashizeko n’amakuru baronka, abo bakozi bafise ubwoba ko uwo mukoresha wabo ashobora kuguma ababesha akazohava asohoka igihugu c’Uburundi atabatunganirije na rirya bisanzwe bizwi ko uwo #Patrick afise ubwenegihugu bubiri ubw’Uburundi n’ubw’igihugu ca NetherlandeAbo bakozi bakaba batakamba ko ababishoboye bose bobafasha kugira batunganirizwe kuko umwanya wose bakoreye ishirahamwe TCS umukoresha wabo yagumye ababesha yongera ababwira ko ariko abatunganiriza ariko bikaba vyarangiye ata na kimwe abakoreye.